IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bubanza : Ivyigwa vyahungabanye kw’ishure ryisumbuye

Bubanza : Ivyigwa vyahungabanye kw’ishure ryisumbuye

mardi 25 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Ivyigwa ntivyatanzwe nk’uko vyari bisanzwe kuri uwu wa mbere, kw’ishure ryisumbuye rya Bubanza. Intango ya vyose ni umurezi wo kuri iryo shure yasohowe ku nguvu mu nzu y’ishure, ivyo bikaba vyakozwe n’umunyabigega.

Micheline NZEYIMANA, umwigisha wo kw’ishure ryisumbuye rya Bubanza yabonye ku munsi wa gatanu, mu gihe yari muhira, haza umurwi w’imisore avuga ko ari Imbonerakure za CNDD FDD, bari kumwe n’umunyabigega w’iryo shure, bamutegeka kuva muri iyo nzu. Abo bantu ntibatevye gusohora ivyo atunze babishira hanze, iyo nzu y’ishure baca barayugara.

Esperence NIYONZIMA, uwo munyabigega w’iryo shure ntaco ashima kuvuga kuri ivyo yagirizwa, abagisha bo kuri iryo shure bakaba nabo bafashe ingingo y’uguhagarika akazi basaba ko mugenzi wabo yosubizwa agateka, abasohoye uwo mwigisha muri iyo nzu bagahanwa.

JPEG - 146.6 ko
Abigisha bahagaritse imirimo

Mu buyobozi bujejwe indero mu ntara ya Bubanza baremera ko uwo munyabigega yagize amakosa mu gusohora mu nzu ku nguvu uwo mwigisha, kuko ikibazo c’amazu y’ishure cari carizwe, hakaba hari hasigaye gusa gushira mu ngiro ivyumvikanwe.

Ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere hakaba hatunganijwe inama y’ukurabira hamwe ingene ico kibazo cotorerwa inyishu.

Abigisha hamwe n’abarezi bo kuri iryo shure basaba ko umutekano w’uwo mwigisha yirukanwe mu nzu wokwubahirizwa.


IGIHE

Messages

  • nahanwe kandi bishmishije uwakoze amakosa kuko yaragotse kand yahungabanije agateka kazina muntu vyongeye nta tegeko afise ryo gusohora umuntu n’utwiwe munzu.

  • Intwaro y’ubusimbirahamwe ni uko, umwe wese afata ingingo n’amategeko ashaka. Aba DD komera. Igihugu carapfuye.

  • AGATEKA KUWO MUREZI KOKWUBAHIRIZWA,HAGAKOGWA IVYATEGEKO AVUGA.

  • AGATEKA KUWO MUREZI KOKWUBAHIRIZWA,HAGAKOGWA IVYATEGEKO AVUGA.

  • BENEDATA TURIKOTURAHONBA ARIKO UWUZORUKARISHA RUZOMUMWA HAHONVYE ABANYESHURI

  • Karabaye! iyigihugu cabuze abatware bukuri, nuko vyama bigenda, nuwusanze uriko urahekanya akumbati arakuziza ako kimbati wariye, abonabo bakoze iryobara, iyo kibigihugu kigerwa namategeko bohanwe, ariko bitebe bitebuke igihugu kizoteba kibane amategeko ahumutu atazokwirekereza nkumuziha wi mpeneeee.

  • Menga imbonerakure za CNDD FDD nizo zitwara igihugu nta buyobozi buvuga Polisi reka ni ku majambo gusa, igisoda naco cubaha imbonerakure, yemwe akazoza
    kizi mbonerekure si keza zizabakorera agahomeramunwa muzoba muraba, hoho ni nde wazihagarara imbere zomubamba kuko zibandanya zikorera ivyo zishatse bose baraba menga nta buyozi buhari

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.