Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bubanza-Mpanda: Abayoboke 5 b’umushingamateka Agathon RWASA baramaze guta (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bubanza-Mpanda: Abayoboke 5 b’umushingamateka Agathon RWASA baramaze guta (...)

Bubanza-Mpanda: Abayoboke 5 b’umushingamateka Agathon RWASA baramaze guta izabo

mardi 27 Ruheshi 2017

Amakuru ava mu barongozi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA bavuga ko abanywanyi babo bahohoterwa iyo babasavye kwinjira mu mugambwe CNDD-FDD ariko bakavyanka.

Abo barongoye umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bamenyesha ko n’abanywanyi babo basigaye mu mihana baguma binyegeje, kubera gutinya kugirirwa nabi na bamwe mu bari mu rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD.

Abatarata ingo zabo basaba abajejwe intwaro n’umutekano gukora ibishoboka vyose kugira ibikorwa vy’iterabwoba no gutoteza abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA bihagarare.

Mu gipolisi muri komine Mpanda basaba abataye ingo zabo kugaruka mu mihana yabo,kuko ata kandi kazi bafise atari gucunga umutekana w’abanyagihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Rwasa umengo nta kibazo bimuteye. Yibandaniriza guhekenya inoti za Assemblée Nationale.
    Ubu yaryohewe, no kuva kurirya ntebe, aze akore, ntibikunda! Narindire, les DD bazomukerera vuba!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.