Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gihanga - Mpanda : Umuntu umwe yishwe, uwundi arakomereka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga - Mpanda : Umuntu umwe yishwe, uwundi arakomereka

Gihanga - Mpanda : Umuntu umwe yishwe, uwundi arakomereka

lundi 27 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umutekano warahungabanye uwu w’Imana, i Gihanga ahapfuye umuntu umwe yishwe n’abantu bamukubise mu mutwe, hamwe no muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza, ahakomeretse umuntu umwe yarashwe, aca ajanwa kuvurirwa ku bitaro vy’aho ku Mpanda.

Uwo yakomeretse azwi kw’izina rya KARENZO Nikodemu, akaba yarashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bamutegereye ariko arataha.

N’umusirikare umwe yarakomeretse mu masasu yumvikanye mu gisagara ca Karwema, i Gihanga, kuri uwu w’Imana nyene. Amakuru ava muri ico gisagara avuga ayo masasu yari ay’abasirikare bariko barasana n’abasuma bari bivye inka zigera kuri 50. Izo nka zarashoboye kugarurwa n’abo basirikare, nk’uko ayo makuru abandanya abivuga.

Umutekano wahungabanye i Buringa, ahaheruka kunyuruzwa umugabo yasubiriye kuboneka inyuma y’iminsi cumi, umuryango wiwe ukaba wabanje gusabwa amafaranga agera ku miriyoni hafi zine yahawe abantu batazwi bavuganye n’umuryango wiwe kuri terefone ngendanwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.