Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga - Mpanda : Umuntu umwe yishwe, uwundi arakomereka
Gihanga - Mpanda : Umuntu umwe yishwe, uwundi arakomereka
lundi 27 Ntwarante 2017, par
Umutekano warahungabanye uwu w’Imana, i Gihanga ahapfuye umuntu umwe yishwe n’abantu bamukubise mu mutwe, hamwe no muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza, ahakomeretse umuntu umwe yarashwe, aca ajanwa kuvurirwa ku bitaro vy’aho ku Mpanda.
Uwo yakomeretse azwi kw’izina rya KARENZO Nikodemu, akaba yarashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bamutegereye ariko arataha.
N’umusirikare umwe yarakomeretse mu masasu yumvikanye mu gisagara ca Karwema, i Gihanga, kuri uwu w’Imana nyene. Amakuru ava muri ico gisagara avuga ayo masasu yari ay’abasirikare bariko barasana n’abasuma bari bivye inka zigera kuri 50. Izo nka zarashoboye kugarurwa n’abo basirikare, nk’uko ayo makuru abandanya abivuga.
Umutekano wahungabanye i Buringa, ahaheruka kunyuruzwa umugabo yasubiriye kuboneka inyuma y’iminsi cumi, umuryango wiwe ukaba wabanje gusabwa amafaranga agera ku miriyoni hafi zine yahawe abantu batazwi bavuganye n’umuryango wiwe kuri terefone ngendanwa.
IGIHE
Messages
27 Ntwarante 2017, 14:18, par JeanMbonimpa
abobakozeivyo Babacireurubanzarubakwiye
27 Ntwarante 2017, 19:16, par Sibomana De`sire`
Ahubwo Nagahomerabunwa Kubona Abantu Baguma Baguma Bicwa Batazi Ico Bazira Ababikora Bose Bamenyeko Ko Ijambo Ry Imana Rivugako Uwicisi Kota Nanyene Azokwicishwa Ikota Rero Nanyene Inkota Iri Kejuru Yage
28 Ntwarante 2017, 22:53, par Ciza Eric
Non Iyo Nimero Baciyko Mukwaka Ayo.mahera Niyand?Mbe Abo Bomumuryongo Bo,bayabahereyeh?Kuberiki Bobatabimenyshje Inzego Z,umutekano?Amatohoza Yotangura Kugira Abatse Ayomahera Bafatwe