IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bubanza : Umusirikare w’igihugu yishwe n’abantu batazwi bamutwara (...)

Bubanza : Umusirikare w’igihugu yishwe n’abantu batazwi bamutwara inkoho

lundi 19 Munyonyo 2012

Umusirikare w’igihugu yarategerewe n’abantu bitwaje ibirwanisho kumugoroba wo ku munsi wa gatandatu mw’ijoro baramwica n’inkoho yiwe barayitwara. Abaye uwugira kabiri yishwe muri iyo ntara ya Bubanza muri uku kwezi.

Uyo musirikare afise ipete ritoya yahora akorera mw’ikambi ya gisirikare y’ahitwa ku Muzinda muri komine Rugazi intara ya Bubanza. Abo bahora bakorana bavuga ko ku munsi wa gatandatu nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro yaratashe avuye gutembera hanyuma aca agwa mu mutego w’abantu bitwaje ibigwanisho, baramwica bamutwara n’inkoho yiwe.

Musitanteri wa komine Rugazi Nkundwanabake Philbert yavuze ko yiboneye uwo musirikare amaze gupfa, ngo abamwishe bamurashe insase zitatu. Abona ko bitangaje ko umusirikare w’igihugu yicirwa ahantu hari imihana myinshi y’abantu ariko ntibatabaze igipolisi kugira kibateshe ibara ritaragwa.

Ku metero zidashika amajana atanu y’aho uyo musirikare yiciwe, hari ibirindiro bitatu vy’ibapolisi bacungereye ibiro vya zone ya Muzinda.

Uyo musitanteri asaba abanyagihugu arongoye gutabaza igipolisi igihe cose babonye abantu biketse. Uwurongoye igipolisi hamwe n’uwurongoye ikambi ya gisirikare muntara ya Bubanza bavuga ko ubwo bwicanyi bugirigwa abajejwe umutekano buteye amakenga kuko atari irya mbere buba.

Nta kwezi kwari bwahere hishwe uwundi musirikare, nawe nyene abamwishe bamutwaye inkoho yiwe. Amatohoza yamaze gutangura kugira hamenyekane abaikoze.

Abanyagihugu baba muri ico gice bavuga ko batewe umutima uhagaze n’ubwo bwicanyi butagera umutwe n’abajejwe umutekano, bagasaba ko hoba amatohoza hakamenyekana abo bagizi ba nabi hanyuma bagahanwa hisunzwe amategeko.


Alexis Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.