Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Buja city ya Mairie ya Bujumbura yanganije na Maika y’i Uvira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Buja city ya Mairie ya Bujumbura yanganije na Maika y’i Uvira

Buja city ya Mairie ya Bujumbura yanganije na Maika y’i Uvira

mardi 14 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Ku muhingamo w’uwu wa kabiri igenekerezo 14 Munyonyo, hakinwe urukino rw’umupira w’amaguru mu ntumbero yo gusozera urugendo rwatanguriye mu gisagara ca Kinshasa.

Fiston NSENGIYUMVA, kizigenza w’umurwi wa Buja City avuga ati : «Umugwi wa MAIKA wadutangaje gose, ntitwari twiteze kunganya. Berekanye urukino rwiza rubereye ijisho »

JPEG - 118.1 ko
Abakinyi b’umurwi Buja City w’igisagara ca Bujumbura

Asaba ko inkino nk’izo zoza zirategurwa : «Vyoba vyiza abarongozi bagiye barategura inkino za kivandimwe nk’izi kugira ngo twunge ubucuti n’abandi bakinyi bo mu karere. Iterambere ry’ibihugu rirashoboka riciye mu nkino.»

Malipo Fikiri Kizigenza w’umurwi MAIKA, ashikiriza ati : « Urukino duhejeje gukina rutumye twunga ubucuti na Buja City. Twakinye urukino rubereye ijisho, twanejerejwe gose n’ingene rwagenze naho tutashoboye gutahukana intsinzi. »

JPEG - 109.2 ko
Abakinyi b’umurwi MAIKA w’i Uvira

Umushingamateka Freddy MBONIMPA arongoye igisagara ca Bujumbura ashikiriza ko intumbero ariyo gukomeza amahoro n’umuteakano mu bihugu bigize ibiyaga binini.

« Inkino ziri mu bituma amahoro n’umutekano bisasagara hagati y’ibihugu vyacu. Ni mu ntumbero yo kunywanisha urwaruka rwacu, tugakomeza ubucuti, ibihugu bigatezanya imbere mu mico, mu mibano no mu butunzi »

JPEG - 72.2 ko
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.