Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Abadandaza baridoga ko abaguzi bagura bukebuke - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura : Abadandaza baridoga ko abaguzi bagura bukebuke

Bujumbura : Abadandaza baridoga ko abaguzi bagura bukebuke

mardi 19 décembre 2017

Mu mazu y’ubudandarizo ari hagati mu gisagara ca Bujumbura,uruja n’uruza ruhaboneka muri ino minsi irangiza umwaka, ntirutandukanye cane n’urwahahora mu mezi aheze y’umwaka.

Muri ino minsi y’impera z’umwaka, icibonekeza cane, ni abaguzi bitwaje ibiti bakoresha mu mazu (Sapin de Noel)vyerekana ko umunsi mukuru aho bibuka ivuka rya Yesu Kristo canke Yezu Kristu usigaje igihe gito ngo uhimbazwe.

Bamwe mu baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bavuga ko kuba bariko baragura ivyo bikoresho, ar’uko ata kundi bogira kugira banezereze abana, ariko ko batakiryoherwa cane nka kera nkuko vyahora.

Emmanuel NAHIMANA avuga ko, mu myaka iheze bagerageza gukora ibishoboka vyose kugira banezerwe mu minsi mikuru yo mu mpera z’umwaka, ariko ko ubu bigoye kuko ibintu vyose vyadugije ibiciro.

Ati :’’Mu myaka iheze nko mur’ino minsi, twarazanana n’umukenyezi wanje n’abana nk’abagurira impuzu nziza, ibifungurwa vyo kunezerwa, ariko ubu ntitwoba tukibishobora, turaba ko turonka ivyo turara dufunguye, uwo niwo munsi mukuru wa mbere.’’

Asaba ko abadandaza batokwikika inyuma y’iminsi mikuru ngo baduze ibiciro, kuko nabo bishobora kubagirako ingaruka, zivuye ko abantu bashobora gutinya ibiciro, ibidandazwa vyabo bikaguma mu mazu badandarizamwo.

Ku ruhande rw’abadandaza,nabo bavuga ko ibintu vyahindutse kuko, uko bahora badandaza mu myaka iheze vyahindutse, bivuye ku biciro vyaduze bigatuma abantu batihutira kugura ibibanezereza.

HAKIZIMANA Mohamed ati :’’Mu myaka nk’itatu iheze narashobora kudandaza ibihumbi 300 canke 400 ku minsi mu bihe nk’ibi, ariko ubu n’ibihumbi 100 ndabironka mbanje gukora cane. Nibaza ko ubukene buri mu bantu aribwo butuma batatugurira cane.’’

HAKIZIMANA Mohamed aremesha abaguzi ko batogira ubwoba ko bashobora kuduza ibiciro vy’ibidandazwa, kuko ata mvo n’imwe yotuma baduza mu gihe atan’abaguzi benshi bariko bararonka.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.