Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura: Abiyunguruza basaba Reta gusohora inoti z’amafaranga (...)
Bujumbura: Abiyunguruza basaba Reta gusohora inoti z’amafaranga 100
mercredi 25 Nzero 2017
Abanyagihugu biyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bakoresheje imiduga yunguruza abantu,basaba Reta gusohora inoti nshasha z’amafaranga 100 n’ibingorongoro vya 50,mu maguru masha.
Inyuma y’iminsi itari mike hibonekeza ubukene bw’inoti z’amafaranga 100,abanyagihugu biyunguruza mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko bagira ingorane iyo hageze kuriha,kuko rimwe rimwe babura amafaranga yo kubasubiza.
Abanyagihugu bafata imodoka zo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko ku bituro bimwe bimwe basabwa gutanga amafaranga mato mato ,ayo nayo akaba ari ikibazo kuko ataho bayakura,ayabonetse nayo usanga ashaje.
Abunguruza abantu bavuga ko basaba abiyunguruza gutanga amafaranga avunje kuko nabo bibagora kuyaronka.Bamenyesha ko ubwo mbere inoti y’1000 yavunjwa amafaranga 950 y’amarundi ariko ubu inoti y’1000 ivunjwa amafaranga 800 y’amarundi.
Umuyobozi mukuru w’Ibanki nkuru ya Republika Jean CIZA avuga ko kuba hari ubukene bw’ibingorongoro batabitahura kuko bari babisohoye ku rugero rukwiye,amenyesha ko bategekanya gusohora inoti nshasha zi 100 gushika kw’igenekerezo rya 10 Ruhuhuma umwaka wa 2017.
IGIHE
Messages
5 Ruhuhuma 2017, 13:14, par eric
Mwozidusohorera izonoti mwobamukoze canecane izi 100janajana kuko nikibazokabisa
10 Ruhuhuma 2017, 16:15, par Sibomana
Nukur Ahubw Nabishr Mungir Kuk Nin Muma Exterieur Inot Zijana Ntazibonek Ahubw Yoba Akz Ikint Ciz Cane.
11 Ruhuhuma 2017, 10:06, par paul
hubwo ico kibazo sikurabobiyunguruza gusa nigihugu nkacose,nimubishire mungiro muroba mukoze