Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ihayanisha-gurisha ry’ibidandazwa biva muri Tanzaniya ryatanguye i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ihayanisha-gurisha ry’ibidandazwa biva muri Tanzaniya ryatanguye i (...)

Ihayanisha-gurisha ry’ibidandazwa biva muri Tanzaniya ryatanguye i Bujumbura

mercredi 27 Nyakanga 2017

Yugurura ku mugaragaro iryo hayanisha-gurisha, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Dr Joseph BUTORE yavuze ko ihayanisha-gurisha ryateguwe n’igihugu ca Tanzaniya mu Burundi vyerekana ko abarundi bari ku kivi c’ibikorwa vy’iterambere.

Dr Joseph BUTORE yavuze ko igihugu c’Uburundi kizohakura akarusho, kuko ata gihugu na kimwe gishobora gukoresha ibiri hagati mu gihugu caco, ariko gitegerezwa gukenera ibihingurwa mu bindi bihugu kuko usanga bihingurwa ugutandukanye.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yavuze kandi ko abarundi bazohungukira akaryo ko kugura ibikorerwa mu gihugu ca Tanzaniya ku giciro co hasi, ndetse abatanzaniya bashobore kumenya ivyo abarundi bahurumbira.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yabandanije avuga ko abarundi bazohakura ubumenyi na cane cane mu gusuzuma uko abatanzaniya bahingura, nabo bashobore kwiga uko bobihingura neza kurusha ivyo bazoba babonye.

Christopher Chiza arongoye Tanzania Trade yavuze ko bashimye gutangurira ku babanyi kuko batotangurira ibikorwa nk’ivyo kure y’igihugu cabo hasanzwe hari urudandazwa rukorwa ku mpande zose abantu badashobora kumenya kandi ari ibiteza imbere Uburundi na Tanzaniya.

Christopher Chiza yateye akamo abadandaza hamwe n’abagwizatunga bo ku mpande zose gufata ako karyo kugira bashobore guhanahana urudandazwa.

Tubibutse ko iryo hayanisha-gurisha ry’ibidandazwa bihingurirwa muri Tanzaniya rizorangira kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2017.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.