Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso : Amashuri yugawe imisi ibiri kubera urugendo rwa Emmanuel (...)
Burkina Faso : Amashuri yugawe imisi ibiri kubera urugendo rwa Emmanuel Macron
mardi 28 Munyonyo 2017, par
Umushikiranganji w’indero amenyesha ko iyugagwa ry’ayo mashuri ryakozwe mu ntumbero yo kwakira no gucungera neza umutekano w’umukuru w’igihugu Emmanuel Macron ari murugendo rw’imisi itatu muri Burkina Faso.
Uwo mushikiranganji w’indero avuga ko uruja n’uruza rw’abanyeshuri rwotuma icungerwa ry’umutekano w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa ritagenda neza.
Iyo ngingo yaneguwe cane n’abavyeyi, abanyeshuri n’abarimu, bakagiriza Reta ko yahevye kazoza k’igihugu, igahitamwo kwitonesha ku banyamahanga.
Abarezi bamenyesha ko iyo ngingo izokwonona itunganywa z’ivyigwa mu mashuri, na rirya hari abari bamaze gutangura ibibazo.
Pacifique BUKURU