Accueil > Amakuru > Poritike > Burundi : Ihuriro ry’imigambwe ryatoye umukuru mushasha
Burundi : Ihuriro ry’imigambwe ryatoye umukuru mushasha
jeudi 2 Ruhuhuma 2017, par
Imigambwe yo mu Burundi ihurikiye mw’ihuriro ryamaho ry’ibiganiro bihuza abanyeporitike (Forum permanent de Dialogue des Parti Politiques) yatoye kuri uwu wa kane umukuru mushasha w’iryo huriro).
Mu nama yabaye mu mwiherero, umushingamateka Félicien NDUWUBURUNDI niwe yatowe nk’umukuru w’iryo huriro. Félicien NDUWUBURUNDI wo mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, akaba yigeze kuba ariwe arongoye abashingamateka ba CNDD FDD, mu nama nshingamateka yari irongowe na Piyo NTAVYOHANYUMA.
- Umushingamateka Felicien NDUWUBURUNDI
Uwasubirijwe ni Yeremiya KEKENWA yahora arongoye urwo rwego, nawe nyene akaba ari umukenguzamateka wo mu mugambwe CNDD FDD.
- Yeremiya KEKENWA yahora arongoye ihuriro ry’imigambwe
IGIHE