Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bururi : Umunyeshure Armel RUBERINYANGE aridegemvya
Bururi : Umunyeshure Armel RUBERINYANGE aridegemvya
jeudi 2 Ruhuhuma 2017
Kuva inyuma y’umutaga wo kuwa kabiri igenekerezo rya 31 Nzero umwaka wa 2017,umunyeshure Armel Ruberinyange ari mu muryango,inyuma yo kurekurwa na Parquet ya Republika mu ntara ya Bururi.
Armel Ruberinyange yari amaze indwi zibiri apfungiwe mu gasho k’ibiro bikuru vy’igendereza, mu gisagra ca Bujumbura,ariko umushikirizamanza wa Republika i Bururi ntiyashimye gushikiriza vyinshi kw’irekurwa ryiwe.
Umunyeshure Armel Ruberinyange yari yahagaritswe ari kw’ishure rya Komine Nyakabingo,iri muri Komine ya Bisoro mu ntara ya Mwaro yagirizwa ubwicanyi.
Umuryango wa Armel Ruberinyange uranezerezwa n’irekurwa ryiwe,ariko ugasaba ko umutekano wiwe woncungerwa.
IGIHE
Messages
2 Ruhuhuma 2017, 08:15, par Toto Kazungu.
Abure kwihamba inkire ntikira kabiri,ivyahano mbona bisigaye bigoye.
2 Ruhuhuma 2017, 11:45, par Dumbuli
Mugabo uyu Armel arebe ingeno wiyenyegeza naho ubundi ntubwabone ko bigoranye ni ugute umunyeshure yagirizwa ibwicanyi, biragoye