Accueil > Amakuru > ikiza > Buterere: Umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’imyuzurira
Buterere: Umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’imyuzurira
vendredi 17 Ntwarante 2017
Umuvugizi w’igipolisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko umuntu umwe ariwe amaze kumenyekana ko yitavye Imana inyuma y’imvura yaguye ku mugoroba wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante,umwaka wa 2017.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter ,umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE yamenyesheje mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Ntwarante,umwakwa wa 2017 ko umuntu yapfuye yaba muri quartier ya Kinyankonge iri muri zone Buterere, mu gisagara ca Bujumbura.
Pierre NKURIKIYE avugira igipolisi amenyesha ko ama quartier ya Buterere na Buhunyuza ariyo yasinzikajwe n’imyuzurira kurusha ahandi.
Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi amenyesha ko kuva mw’ijoro igipolisi kiriko kirakora kugira bafashe abashikiwe n’ivyago.
IGIHE
Messages
17 Ntwarante 2017, 19:28, par PATI
MANA FASHA ABO MUBUTERERE
17 Ntwarante 2017, 20:17, par aimable
twihanganishije abashikiwe nivyovyago.croix-rouge nayo ibandanye ibikorwa vyayo.Letanayonyene igarukire kuriyo miryango iri mukangaratete.
17 Ntwarante 2017, 22:48, par Ezeshiel Sabushimike
Reta Y’uburundi Nk’umuvyeyi, Nikore Uko Ishoboye Kugira Ifashe Abahitanwe N’ico kiza
18 Ntwarante 2017, 13:42, par Musaga
Izi n’ingaruka zo gusesa amaraso y’inzirakarengane no kutagira umurongo wa politique,DD bazi kwica gusa,akari inyuma karahinda
19 Ntwarante 2017, 20:21, par jonh
nawaomba muek ulinz waktosha mitaan miinawapend sana natoka kigoma