IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bwiza : Umugabo yatowe ikiziga mu cumba c’umwigeme bari bararanye

Bwiza : Umugabo yatowe ikiziga mu cumba c’umwigeme bari bararanye

mardi 28 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko abajejwe umutekano bahamagawe muri zone ya Bwiza, mu gisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara rya 4 nomero 87, basanga umuntu yitavye Imana mu nzu y’umwigeme bivugwa n’igiporisi ko adandaza umubiri.

Mu giporisi bavuga ko uwo yatowe ikiziga azwi kw’izina rya Rumonge Leonard yahora yigisha kuri Kaminuza yitiriwe Umwizero wa Afrika (Université Espoir d’Afrique), akaba yatanga ivyigwa bijanye n’ivy’ubutunzi. Yahora aba muri Mutanga Nord mu gisagara ca Bujumbura, kuri « Avenue Nyanzuki »

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi ashikiriza ivyo abajejwe umutekano bamaze kumenya kuvy’urwo rupfu rwa Rumonge Leonard :

"Ejo yari yararanye n’umumaraya, bamwe badandaza umubiri, bari bararanye mu kazu k’uwo mumaraya. Bagorobeje hamwe mu nzu y’ubutambiro izwi kw’izina rya 5/5 hanyuma nko muma sakumi y’ijoro z’agatondo ko kuri uwu wa kabiri bahavuye baja muri ako kumba k’umumaraya, hanyuma baraheza barashurashura. Mu gitondo, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri bavyutse, uwo mugabo arasohora imodoka yiwe ayishira hanze, hanyuma aca aragaruka basubira kuryama. Nk’igihe c’isaha imwe y’agatondo niho yitavye Imana."

Mu giporisi bamenyesha ko icishe uwo mugabo kitaramenyekana. Uwo mwigeme adandaza umubiri bararanye, Melaniya NIMBONA w’imyaka 32, yafashwe ku mvo z’amatohoza.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.