Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAF : Urukino ruhuza Uburundi na Sudani rwungururijwe ku rindi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAF : Urukino ruhuza Uburundi na Sudani rwungururijwe ku rindi (...)

CAF : Urukino ruhuza Uburundi na Sudani rwungururijwe ku rindi sango

samedi 15 Mukakaro 2017

Ingingo yo kwunguruza urwo rukino,yafashwe n’Ishirahamawe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF, kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 14 Mukakaro 2017.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF, ryamenyesheje ko ryafashe iyo ngingo bivanye n’uko ishirahamwe ryo muri Sudani ryaryandikiye ririmenyesha ko umwanya bafise kuva ibihano vya FIFA bihagaritswe utoborohereza gushikana umurwi mu gisagara ca Bujumbura.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sudani ryari ryafatiwe ibihano, ryagirizwa ko ubutegetsi bwivanga mu bijanye n’itunganywa ry’ishirahamwe.

Urwo rukino rwari urwo kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ikinisha abakinyi bakinira mu bihugu vyabo CHAN, rizobera mu gihugu ca Kenya ,mu mwaka uza wa 2018.

Ibihano vyahagaritswe kuwa kane igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.