Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN 2017: Cameroun yatahukanye igikombe itsinze Misiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAN 2017: Cameroun yatahukanye igikombe itsinze Misiri

CAN 2017: Cameroun yatahukanye igikombe itsinze Misiri

lundi 6 Ruhuhuma 2017

Umurwi nserukira gihugu wa Cameroun niwo watahukanye igikombe c’ihiganwa rihuza imirwi nserukira bihugu vyo ku mugabane wa Afrika CAN 2017, inyuma y’ugutsinda umurwi nserukira gihugu wa Misiri, ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe ca Misiri.

Urukino rwatanguye umurwi nserukira gihugu wa Misiri uri imbere y’umurwi wa Cameroun, haba mu gusatira no gutembereza umupira hagati mu kibuga, bica bituma ku munota wa 21 w’igice ca mbere umukinyi El Neni atsinda igitsindo ca mbere ca Misiri,bituma baja kuruhuka Misiri iri imbere.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi nserukiragihugu wa Cameroun waje mu kibuga nawo wahinduye umukenyuro, ku munota wa 58 umukinyi atigeze akina kuva ihiganwa ritangura, Nicolas Nkoulu yinjiza igitsindo ca mbere co kunganya.

Umurwi wa Cameroun wagumye werekana ko ukomeye, kuko ku munota wa 88 hasigaye iminota 2 ngo urukino rurangire,umukinyi, Vincent Aboubakar yinjije igitsindo ca kabiri catumye umurwi nserukira gihugu wa Cameroun utahukana igikombe.

Muri kahise k’ihiganwa rihuza imirwi nserukira bihugu CAN, kibaye igikombe ca 5 umurwi nserukira gihugu wa CAMEROUN utahanye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.