Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN 2017: Gabon yakiriye ihiganwa yasezeye idatsinze urukino na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAN 2017: Gabon yakiriye ihiganwa yasezeye idatsinze urukino na (...)

CAN 2017: Gabon yakiriye ihiganwa yasezeye idatsinze urukino na rumwe

lundi 23 Nzero 2017

Mu gihe igihugu ca Gabon arico cakiriye ihiganwa rya CAN 2017,umurwi nserukiragihugu wavuye mw’ihiganwa udashitse kure nkuko vyari vyitezwe n’abakunzi b’umupira w’amaguiru,kuko bakinira imbere y’abakunzi bawo.

Mu nkino za nyuma mu murwi Azabaye kuw’Imana igenekerezo rya 22 Nzero 2017, umurwi nserukiragihugu wa Gabon wategerezwa gutsinda kugira ubandanye ihiganwa,ariko ntivyashobotse kuko wanganije n’umurwi wa Cameroun ubusa ku bundi.

Inyuma y’urukino,igihugu ca Burkina Faso nicop caronse amahirwe yo kubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma,inyuma yo gutsinda umurwi wa Gunee Bissau ibitsindo bibiri ku busa.

Umurwi nserukiragihugu wa Burkina Faso ufise amanota atanu mu gihe umurwi wa Gabon uhejeje ufise amanota atatu mu nkino zitatu,kuko utigeze utsinda urukino na rumwe.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.