Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAN 2017: Imirwi ibiri ya mbere izokina 1/2 gishira ica nyuma (...)
CAN 2017: Imirwi ibiri ya mbere izokina 1/2 gishira ica nyuma yamenyekanye
dimanche 29 Nzero 2017
Umurwi nserukira gihugu wa Burkina Faso n’umurwi nserukira gihugu wa Cameroun,niyo mirwi ya mbere yaronse uburenganiza bw gukina igice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza ibihugu vya Afrika CAN 2017 ririko ribera mu gihugu ca Gabon.
Urukino rwa mbere rwabaye kuri uno wa gatandatu rwahuje imirwi ya Burkina Faso na Tunisie. Naho umurwi wa Tunisie werekanye ko ukomeye mu gice ca kabiri c’urukino,umurwi wa Burkina Faso warivyukiranije mu gice ca kabiri urukino ruhera Burkina Faso itsinze ibitsindo bibiri ku busa.
Urukino rwa kabiri rwahuje umurwi wa Senegal na Cameroun. Imirwi yose yarerekanye ko ikomeye,urukino rurangira ata murwi utsinze uwundi.
Igitsindo c’umurwi wa Cameroun watumye uronka uburenganzira bwo kubandanya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma,cagiye kubneka mu minota 30 ya nyuma babngeye kugira baronke umurwi utsinda.
IGIHE