Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CAN 2017: Inkino za mbere zaheze imirwi yose inganya ibitsindo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAN 2017: Inkino za mbere zaheze imirwi yose inganya ibitsindo (...)

CAN 2017: Inkino za mbere zaheze imirwi yose inganya ibitsindo n’amanota

dimanche 15 Nzero 2017

Mu nkino za mbere z’ihiganwa rya CAN rihuza imirwi nserukirabihugu yo ku mugabane wa Afrikazabaye kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 14 Nzero 2016,imirwi yose yakinye yaronse inota rimwe rimwe inyuma yo kunganya ibitsindo.

Urukino rwa mbere rwahuje igihugu ca Gabon cakiriye ihiganwa hamwe n’igihugu ca Guinee Bissau.Urukino rwaheze imirwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi.

Igitsindoc’umurwi wa Gabon catsinzwe na Pierre-Emerick Obameyang asanzwe akinira umurwi wa Borussia Dortmund,mu gihugu c’Ubudagi.

Urukino rwa kabiri rwahuje umurwi wa Cameroun na Burkina Faso,urwo rukino narwo nyene rwaheze imirwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi.Igitsind ca Cameroun cinjijwe na Benjamin Moukandjo ica Burkina Faso cinjizwa na Issoufou Dayo.

Mu murwi wa A ugizwe na Gabon, Guinee Bissau, Cameroun na Burkina Faso,imirwi yose iranganya amanota kuko ifise inota rimwe rimwe ,ikanganye n’ibitsindo.

Ku munsi ugira kabiri w’ihiganwa ,kuri uno w’Imana igenekerezo rya 15 Nzero 2016,Algerie na Zimbabwe bakina isaha icumi na zibiri,mu gihe Senega na Tunisie bakina isaha zitatu z’ijoro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.