Accueil > Inkino > Amahiganwa > CAN 2017: Ni iyihe mirwi ihabwa amahirwe yo gutahukana igikombe?
CAN 2017: Ni iyihe mirwi ihabwa amahirwe yo gutahukana igikombe?
samedi 14 Nzero 2017
Mu gihe bitegekanijwe ko kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 14 Nzero 2017 ariho hatangura ihiganwa rya CAN 2017 mu gihugu ca Gabon, abakunzi b’umupira w’amaguru baribaza uwuzotahukana ico gikombe.
Ihiganwa rya CAN 2017 rizomara iminsi 23,rihuze imirwi nserukira gihugu 16 yo ku mugabane wa Africa. Iki nico gikombe ca mbere gikomeye gitangwa mu rukino rw’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika.
Vyari bitegekanijwe ko iryo higanwa ribera mu gihugu ca Libye, ariko kubera imvo z’umutekano,abategura iryo higanwa bashimye kuryungururiza mu gihugu ca Gabon,cari categuye iryo higanwa mu mwaka wa 2012.
Imirwi ihabwa amahirwe inyuma ya Cote d’Ivoire yaheruka gutahukana ico gikombe,ni Misiri, Algerie ,Senegal na Ghana.
Gabon yateguye izo nkino ni wo murwi uri mu kibanza c’inyuma mu rutonde rwa FIFA, ariko kuba arico gihugu catunganije iryo higanwa,bishobora gutuma gishika kure.
IGIHE
Messages
14 Nzero 2017, 13:32, par Arbel Kwihangana
Emwe Ntanumw Abiz
14 Nzero 2017, 23:50, par Ntakirutimana Desire
Ico Niyumvira Kuriyo Nkuru Nuko Umugwi Impa Amahigwe Ari Argerie Kuko Irakomey Can.
14 Nzero 2017, 23:51, par Ntakirutimana Desire
Ico Niyumvira Kuriyo Nkuru Nuko Umugwi Impa Amahigwe Ari Argerie Kuko Irakomey Can.
19 Nzero 2017, 04:08, par simbaruhije Dieudonne
Ntawobimenya umugwi uzotahukana icogikombekukoharacarikare
23 Nzero 2017, 06:03, par yves ndayisaba
sénégal niy mpaye amahirwe
25 Nzero 2017, 10:02, par Niyonkuru Théorere
R.D.C niyo mpaye amahirwe