Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CECAFA 2017 : Uburundi buzohiganirwa ikibanza ca gatatu n’Ubuganda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA 2017 : Uburundi buzohiganirwa ikibanza ca gatatu n’Ubuganda

CECAFA 2017 : Uburundi buzohiganirwa ikibanza ca gatatu n’Ubuganda

samedi 16 décembre 2017

Pierrot Kwizera, kizigenza w’Intamba mu Rugamba, amenyesha ko bazokina uko bashoboye kugira batahukane ikibanza ca gatatu, agasaba kandi abarundi kubashigikira.

Avuga ati « Iri higanwa twarikinye neza, Inkino zose twakinye twaritanze cane kandi twigenjeje neza, naho ku rukino rwa Kenya tutaronse amahigwe, twari twabarushije ariko niko bimeze haburana babiri hagatsinda umwe.Urukino rwo guharanira ikibanza ca gatatu turagwiteguriye kandi nta nkeka tuzorutsinda. »

Kizigenza w’umurwi Intamba mu Rugamba Pierrot KWIZERA aboneraho n’akaryo ko gusaba gusaba abarundi kubashigikira bakabafata mu mugongo hakuvuga amajambo abaca intege.

Urukino ruzohuza Uburundi n’igihugu c’Ubuganda mur’ico kibanza ca gatatu rukazokinwa kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Kigarama 2017,igihe c’isaha indwi.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.