Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA U17 : Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi waronse inota rimwe rya (...)
CECAFA U17 : Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi waronse inota rimwe rya mbere
mercredi 18 avril 2018
Urukino rugira kabiri rw’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, rwari rwitezwe n’abakunzi benshi, inyuma y’urukino rwa mbere, aho Uburundi bwatsinzwe na Kenya, ibitsindo bine ku busa.
Urukino rwatanguye imirwi yose yerekana ko ikeneye intsinzi, ariko gushika igice ca mbere gihere, nta murwi n’umwe wari bwatsinde igitsindo.
Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi w’Uburundi n’uwa Somaliya yose yaje ifise ishaka, ariko urukino rurinda ruhera ata murwi utsinze uwundi.
Kuba umurwi w’Uburundi wanganije n’uwa Somaliya, vyatumye uronka inota rimwe rya mbere kuva iryo higanwa ritanguye, ibigabanya icizere co kubandanya ihiganwa ku Buurndi bwakiriye iryo higanwa.
- Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abana batarenza imyaka 17
MUGISHA Van Naris
Messages
22 avril 2018, 05:11, par Vyizigiro Fabrice
Mubisanzwe Intamb Murugamba Twarabibonyeko Atacizere C’abana Bacu Bazoduha Kuk Munkino Za Kivandimw WAja Gukina Ingozi Nigtega Umurwi Waratweretseko Atacizere Jewe Icombona Amafranga Bakoresha Munkino Boyaranguza Uyundi Mugambi Kuko Ntcizere Tubonamwo Bopfuma Batagura Intamba Murugamba Zabakuze Hoho Vyopfuma Atarukwo Nukuri Ibindi Bavyhorere.Ubundi Ndakunda Footb Cane Ndayifana Sana Nukwo Nunva Igitekerezo Canje.
28 avril 2018, 12:02, par Ndayizeye Eric
baragerageje