Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CECAFA U17 : Umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya watahanye igikombe. - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CECAFA U17 : Umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya watahanye igikombe.

CECAFA U17 : Umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya watahanye igikombe.

lundi 30 avril 2018

Urukino rwa nyuma rwabereye ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega, kuva igihe c’isaha umunani z’umuhingamo, ariko inyuma y’umwanya muto rutanguye abahagarikizi baciye baruhagarika kubera imvura nyinshi yariko iragwa.

Urukino rusubiriye gutangura, imirwi yose yaje yerekana ko ikeneye intsinzi, ariko umurwi wa Tanzaniya niwo waronse amahirwe, kuko mu minota ya mbere y’urukino ariho waronka igitsindo ca mbere, igice ca mbere gica gihera ari igitsindo kimwe ca Tanzaniya ku busa bwa Somaliya.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi wa Tanzaniya wagarutse ushaka igitsindo, ari nako vyagenze, kuko mu minota ya mbere y’igice ca kabiri umukinyi wa Tanzniya, yinjije igitsindo ca kabiri, urukino ruca ruhera ari ibitsindo bibiri vya Tanzaniya ku bsa bwa Somaliya.

Ibirori vyo gutanga igikombe n’imidari, vyari vyatewe iteka, n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Reverien NDIKURIYO, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika Ahmed Ahmed, icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, n’abandi banyecubahiro.

Ikibanza ca gatatu catahukanye umurwi w’Ubuganda utsinze igihugu ca Kenya ibitsindo bine kuri kimwe, mu rukino rwabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.