Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CECAFA U17 : Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi watsinzwe urukino rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CECAFA U17 : Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi watsinzwe urukino rwa (...)

CECAFA U17 : Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi watsinzwe urukino rwa mbere

lundi 16 avril 2018

Urukino rwahuje umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abana batarenza imyaka 17 n’uwa Kenya, rwaheze umurwi wa Kenya utsinze umurwi w’Uburundi ibitsindo bine ku busa.

Muri urwo rukino, umurwi nserukiragihugu wa Kenya warerekanye ko abakinyi bawo bamenyereye amahiganwa, mu gihe abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, bakinye ariko biboneka ko batamenyereye amahiganwa.

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abana batarenza imyaka 17, Vivien BAHATI, yemeje ko icatumye batsindwa, ari ukutamenyera amahiganwa mpuzamakungu, agereranije n’abakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Kenya.

Vivien BAHATI, amenyesha ko yiteguye kugira ico ahinduye mu nkino zikurikira.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.