Accueil > Inkino > FOOTBALL > CECAFA : Uburundi bwaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kane gishira (...)
CECAFA : Uburundi bwaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kane gishira ica nyuma
lundi 11 décembre 2017
Mu murwi B wari uhurikiyemwo imigwi y’Uburundi, Etiyopiya, Ubuganda, Sudani y’epfo, Uburundi bwarangije igice ca mbere buri mu kibanza ca kabiri n’amanota 5, bukaza inyuma y’Ubuganda n’abwo nyene bufise amanota 5 ariko bukarusha ibitsindo Uburundi.
Muri uwo murwi nyene igihugu ca Etiyopiya kiza mu kibanza ca gatatu n’amanota 4 nayo Sudani y’epfo ikaza mu kibanza ca nyuma n’inota 1 gusa.
Mu gice ca kane gishira ica nyuma, Uburundi buzotana mu mitwe n’igihugu ca Zanzibar kiza mu kibanza ca mbere mu murwi A
Pacifique BUKURU