Accueil > Inkino > Amahiganwa > CHAN2018 : Imirwi imwe ikomeye yatanguye itangazwa n’iyidakomeye
CHAN2018 : Imirwi imwe ikomeye yatanguye itangazwa n’iyidakomeye
lundi 15 janvier 2018
Mu rukino rwa kabiri rwo mu murwi A kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 14 Nzero 2018, umurwi nserukiragihugu wa Sudani watsinze umurwi nserukiragihugu wa Guinee wari watahukanye ikibanza ca kane mw’ihiganwa riheruka, ibitsindo bibiri, ku gitsindo kimwe.
Mu rukino rwa kabiri mu murwi B kur’uyu w’Imana, umurwi nserukiragihugu wa Namibie watsinze umurwi wa Cote d’Ivoire igitsindo kimwe ku busa ; mu gihe mw’ihiganwa rya CHAN riheruka, umurwi wa Cote d’Ivoire wari watahukanye ikibanza ca gatatu.
Ivyo bihugu vyatsinzwe, mu gihe igihugu ca Maroc cakiriye iryo higanwa rya CHAN 2018, catsinze bitagoranye umurwi wa Mauritaniya, ibitsindo bine ku busa, mu rukino rwo kwugurura ihiganwa.
Bitegekanijwe ko inkino zibandanya ku’uno wa mbere, aho mu nkizo zitegekanijwe, umurwi nserukiragihugu w’Urwanda uza gukina n’umurwi nserukiragihugu wa Nijeriya, mu murwi C.
MUGISHA Van Naris
Messages
15 janvier 2018, 21:59, par Elysee Njejimana
Mubwongerezaho Gute Ndanezerewe Cane Gusoma Ayamakuru Nimuduhe Ayandi Muzoba Mukoze
16 janvier 2018, 10:35, par SINDIHO
INTAMBA MURUGAMBA ZIFISE URUKINO RYARI ?