Accueil > Inkino > FOOTBALL > CHAN2018 : Umurwi wa Maroc watahukanye igikombe utsinze Nijeriya
CHAN2018 : Umurwi wa Maroc watahukanye igikombe utsinze Nijeriya
lundi 5 février 2018
Imbere y’abarorerezi isinzi bari bishikiye kuraba urukino rwa nyuma, umurwi nserukira gihugu wa Maroc, ntiwihanganiye na gato umurwi wa Nijeriya. Maroc, ari naco gihugu catunganije ihiganwa, nticamaramaje abakunzi b’umupira w’amaguru.Uko ihiganwa ryatanguye, niko barangije, nk’uko mu rukino rwa mbere batsinze Mauritanie 4-0, no mu rukino rwa nyuma, birahiye Nijeriya ku bitsindo 4-0.
Kuva urukino rugitangura, imirwi yose yerekanye ko ikomeye, umurwi wa Maroc ugasatira ariko imyugariro y’abasore ba Nijeriya ntiyaboroheye.Ibintu vyagiye guhinduka aho umukinyi w’inyuma wa Nijeriya Peter Moses aronkeye ikarata y’umuhondo igira 2, igaca ituma aronswa ikarata itukura, gutyo akurwa mu kibuga, ivyatumye Maroc isatira cane izamu rya Nijeriya.
Ku munota wa 45, igice ca mbere kigomba kirangire, Zakaria Hadraf niho yinjiza igitsindo ca mbere, gutyo igice ca mbere gihera ari igitsindo 1-0.
Mu gice ca kabiri, inyuma y’isohorwa rya Peter Moses, Maroc yabandanije gusatira cane, ku munota wa 61, Walid El Karti, kizigenza w’umurwi aba arinjije igitsindo kigira 2.
Imyuma y’imota itarenga itatu, Hafraf yiyongeza ikindi gitsindo, El Kaabi nawe aca arahereza mu gutsinda igitsindo kigira kane ari naco cabaye ica nyuma. El Kaabi, ku myaka yiwe 24, yatowe nk’umukinyi yigenjeje neza mw’ihiganwa rya CHAN rigira gatanu, akaba ari nawe yatsinze ibitsindo vyinshi, akaba yatsinze ibitsindo 9 mu nkino 6.
BUKURU Pacifique