Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CHAN2018 : Uwundi murwi ukomeye watsinzwe mu rukino rwa mbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CHAN2018 : Uwundi murwi ukomeye watsinzwe mu rukino rwa mbere

CHAN2018 : Uwundi murwi ukomeye watsinzwe mu rukino rwa mbere

mercredi 17 janvier 2018

Igihugu ca Cameroun, gisanzwe kimenyerewe mu bihangange vy’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika, catangajwe no gutsindwa n’igihugu ca Kongo kuri penariti yatewe ku munota wa 72, bica bituma Kongo ifata ikibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza mu murwi D.

Urukino rwahuje iyo mirwi, Cameroun yarekanye ko isumvya cane Kongo, naho amahirwe atababanye umurengera.Ku munota wa 29, Moukoko Moussombo, akina hagati, yateye umupira ukomeye mw’igori rya Kongo ariko biba impfagusa.

Naho umurwi nserukiragihugu wa Cameroun waronse amahirwe menshi yo kuronka ibitsindo, ntiwahavuye uronka ibitsindo, kuko urukino rwaheze urushijwe n’umurwi nserukiragihugu wa Kongo.

Izindi nkino zimaze gukinwa zikaba zagenze uku gukurikira :

Maroc - Mauritanie 4-0
Guinée - Soudan 1-2
Côte d’Ivoire - Namibie 0-1
Zambie - Ouganda 3-1
Libye - Guinée équatoriale 3-0
Nigeria - Rwanda 0-0


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.