Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CHAN2018 : Zambiya yaronse amahigwe yo gukina igice ca kane gishira ica (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CHAN2018 : Zambiya yaronse amahigwe yo gukina igice ca kane gishira ica (...)

CHAN2018 : Zambiya yaronse amahigwe yo gukina igice ca kane gishira ica nyuma

mardi 23 janvier 2018

Ukunganya kwa Zambiya n’igihugu ca Namibiya,igitsindo kimwe ku kindi. kwatumye kandi uja mu kibanza ca mbere mu murwi B.

Zambiya ikaba izohura ku munsi wa gatandatu, n’umugwi wa Sudani mu gice ca kane gishira ica nyuma, nayo Namibiya yatahukanye ikibanza ca kabiri ikaba izohura na Maroc yatahukanye ikibanza ca mbere mu murwi A.

Mu murwi C, ntiharamenyekana imirwi igiye kubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma,inkino z’amajonjora zikaba zibandanya.Guinnée Equatoriale ikaba izotana mu mitwe na Nijeriya,nayo Urwanda ruhure na Libiya.

Mu murwi D, Kongo izotana mu mitwe na Angola kur’uyu wa gatatu.

Igihugu ca Cote d’Ivoire cahabwa amahirwe yo gutahukana igikombe casezeye ihiganwa inyuma yo kunganya ubusa k’ubundi n’igihugu c’Ubuganda.

Cote d’Ivoire ikaba ivuye mw’ihiganwa ifise inota rimwe gusa, ata gitsindo binjije.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.