Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED : BAMVUGINYUMVIRA yahagaritswe amezi atatu, NZOMUKUNDA yirukanwa (...)
CNARED : BAMVUGINYUMVIRA yahagaritswe amezi atatu, NZOMUKUNDA yirukanwa burundu
lundi 6 Ruhuhuma 2017, par
Frederiko BAMVUGINYUMVIRA yahora ari icegera c’umukuru w’igihugu akaba umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU yahagaritswe amezi atatu mu runani CNARED.
Alice NZOMUKUNDA nawe, umukuru w’umugambwe ADR yahagaritswe burund muri urwo runani ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
N’umugambwe ADR wa NZOMUKUNDA Alice wakuwe mu yigize urwo runani.
- Alice NZOMUKUNDA
Umugambwe SAHWANYA FRODEBU wamaze kumenyesha ko uzokwitaba ibiganiro vyatumweko n’umuhuza Benjamin William MKAPA.
- Ferederiko BAMVUGINYUMVIRA
Ibiro vy’umuhuza mu matati y’abarundi bimenyesha ko ibiganiro bihuza abarundi bitegekanijwe gusubira kuba kuva kw’igenekerezo ya 16 gushika kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma umwaka wa 2017, i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.
Abicishike ku rubuga rwa Twitter, Umuhanuzi mu biro vy’umuhuza Macocha TEMBELE amenyesha ko ibiganiro bizoba bizokwisunga ahanini ku bibazo nyamukuru bishobora gushika ku masezerano hagati y’abitavye ibiganiro.
IGIHE
Messages
6 Ruhuhuma 2017, 13:46, par Cobla Rouge
None Muri Cenrde Hasigayeyo Bande. Raba Nabasigayeyo Mwishikane None Kwimigambwe Yose Ihezemwo Urwo Wumva Rukiri Urunani? Ahubwo Ubu Nukurwita Urunani Ndikumushiro.
6 Ruhuhuma 2017, 13:47, par Cobla Rouge
None Muri Cenrde Hasigayeyo Bande. Raba Nabasigayeyo Mwishikane None Kwimigambwe Yose Ihezemwo Urwo Wumva Rukiri Urunani? Ahubwo Ubu Nukurwita Urunani Ndikumushiro.
6 Ruhuhuma 2017, 20:56, par MASUMBUKO
Muvyukuri BAMVUGINYUMVIRA Hamwe NA NZOMUKUNDA Ntibababare Cane, Kuko Cenard Ntakazoza Ifitiye Abarundi.
6 Ruhuhuma 2017, 22:23, par EJIDE
KOMUTATUBARIRA ICATUMYE BABAKURAMWO?
7 Ruhuhuma 2017, 06:29, par NIYONKURU EPITACE
Nonewomuvugizi W,tmgambweutavugarumwenaretabirukanyeburundubamuhoyeik?