Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED:Imyiyerekano ntishobora gutuma ivyagiriji vy’abashingamateka ba (...)
CNARED:Imyiyerekano ntishobora gutuma ivyagiriji vy’abashingamateka ba Buraya bitagira agaciro
mardi 31 Nzero 2017
Urunani ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta CNARED rumenyesha ko imyiyerekano itunganywa na Reta idashobora gutuma ivyagiriji vy’abashingamateka ba Buraya bitagira agaciro,kuko hari ivyemeza vy’ibikorwa mu Burundi.
Inyuma y’imyiyerekano yatunganijwe na Reta y’Uburundi yiyamiriza ingingo y’abashingamateka b’Ubumwe bwa Buraya,Jeremie MINANI ajejwe kumenyesha amakuru mu runani CNARED amenyesha ko amabi abandanya gukorwa mu Burundi.
Jeremie MINANI amenyesha ko mu gihe amabi akorwa mu Burundi yojanwa imbere y’ubutungane bwigenga,vyofatwa nk’amabi yo ku rwego mpuzamakungu ahanwa na Sentare mpuzamakungu.
Kubwa Jeremie MINANI, nta gitangaza kuba Reta ihamagarira abantu kuja mu myiyerekano yiyamiriza ibishikirizwa n’abashingamateka ba Buraya,kuko ishaka kwerekana ko ata mabi akorwa mu Burundi.
IGIHE
Messages
31 Nzero 2017, 14:40, par Musaga
Union Europeene ntikangwa nayo mano yanyu muzerereza mu mabarabara,fimbo chapa
31 Nzero 2017, 20:01, par Nema
Ivyanyu Vyaramaze Kugaha !
31 Nzero 2017, 20:16, par Cobla Rouge
Abo Ntakibanza Bafise Ngaha Muburundi Cokimwe Namwebwe Cenrd. Reta Yatunganije Imyiyerekano. Namwe Tegura Rwanyu Turabe.