Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNARED iramutswa indongozi nshasha ivuga ko yarungitse intumwa i Arusha mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED iramutswa indongozi nshasha ivuga ko yarungitse intumwa i Arusha mu (...)

CNARED iramutswa indongozi nshasha ivuga ko yarungitse intumwa i Arusha mu biganiro

mercredi 29 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Yohani MINANI niwe yatowe kurobora CNARED. Hari amakukuru ataremezwa n’uburongozi bwa CNARED avuga ko uwo mukuru mushasha w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi yoba yitezwe ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, i Arusha, ahariko habera ibiganiro vya poritike ihuza Abarundi.

Mu nama y’iminsi ine abagize CNARED barimwo mu gisagara ca Bruxelles, mu Bubirigi, kuva kuri uwu w’Imana, batoye indongozi nshasha. Abantu batanu nibo bagize urwego nyobozi rwa CNARED irongowe na Yohani MINANI yahoze ari umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE Melchior, imbere y’uko akurwa mu burongozi bw’uwo mugambwe uramutswa ubu Keffa NIBIZI. Yohani MINANI agiye mu kibanza cahoramwo Karori NDITIJE, yari yakoreye mu ngata Yohani MINANI nyene atwaye urwo runani ku ncuro ya kabiri.

JPEG - 69.3 ko
Yohani MINANI, umukuru mushasha wa CNARED

Icegera ca mbere c’umukuru wa CNARED ni Aline NDENZAKO.

PNG - 384 ko
Aline NDENZAKO, icegera ca mbere c’umukuru wa CNARED

Uwatowe mu kibanza c’icegera ca kabiri c’umukuru wa CNARED ni Muderega Pamphile.

JPEG - 45.3 ko
Muderega Pamphile, icegera ca kabiri c’umukuru wa CNARED

Umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNARED yatowe ni Niyonkuru Anicet

JPEG - 20.8 ko
Niyonkuru Anicet, Umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNARED

Cimpaye Pancrace yagumijwe mu kibanza c’umuvugizi w’urwo runani ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura.

JPEG - 109.6 ko
Pancrace CIMPAYE, umuvugizi wa CNARED

Mu runani CNARED ntibitavye ibiganiro biriko bibera i Arusha, ariko bakaba bavuga ko barungitse ubutumwa bwagenewe umuhuza Benjamin William MKAPA. Pancrace CIMPAYE, umuvugizi wa CNARED yemeza ko ubwo butumwa bwa CNARED bwarungikanwe babiri bahoze ari abakuru b’igihugu, Major Petero BUYOYA hamwe na Domisiyano NDAYIZEYE.

Pancrace CIMPAYE avuga ko ubutumwa bwarungikiwe umuhuza ari ivyiyumviro vya CNARED vyerekana inzira yofatwa kugira amatati ari mu Burundi atorerwe inyishu biciye mu biganiro bidakumira.

Muri CNARED babwiye umuhuza ko ibiganiro bikwiye gutumwako ari ibihuza abashigikiye uruhande rwa Petero NKURUNZZIA, hamwe n’uruhande rw’abadashikigiye ubutegetsi bwiwe.

N’aho muri CNARED bavuga ko batitavye ivyo biganiro i Arusha, ahubwo ko barungitse ubutumwa, hari amakuru ataremezwa n’urwo runani, avuga ko Yohani MINANI, umukuru mushasha wa CNARED yoba yitezwe ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu i Arusha, ahariko habera ibiganiro.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.