Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNARED isaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika gukurikiranira hafi ibibera mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED isaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika gukurikiranira hafi ibibera mu (...)

CNARED isaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi

jeudi 25 Rusama 2017

Mw’itangazo urunani CNARED rwashoye inyuma y’inama y’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko, urwo runani rwamenyesheje ko rwatangajwe no kuba abakuru b’ibihugu batitavye akamo batewe na CNARED ko kugarukira ku barundi bugarijwe n’ibibazo, ariko bakerekana ko bashigikiye ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Mu runani CNARED bamenyesha ko baguye mu gahundwe bumvise ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda, akaba n’umuhuza mu bibazo vy’abarundi, Yoweri MUSEVENI yashigikiye Reta y’Uburundi bari biteze ko asaba umukuru w’igihugu c’Uburundi guhagarika amabi akorwa mu gihugu, akamusaba kandi kwitaba ibiganiro bihuza abegwa n’ikibazo c’Uburundi bose.

Muri iryo tangazo urunani CNARED rusaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya gukurikiranira hafi uko ibintu vyifashe mu Burundi, mu bijanye n’umutekano, intwaro n’agateka ka zina muntu, kuko inyuma yo kubikurikirana bosanga ahubwo bakwiye kwongereza ibihano ku Burundi.

Urunani CNARED rugasaba abarundi bose ,bava mu mice itandukanye kuguma bafatanye mu nda, mu gukingira agateka kabo, ubwigenge, amasezerano y’i Arusha hamwe na Reta yubahirije amategeko.

Inama igira 18 ihuza abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko yabaye kw’igenekerezo rya 20 Rusama 2017, i Dar-Es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya.


Mugisha Van

Messages

  • ivyo cnared ivuga sivyo kuko abagwanyareta sibobiha amategeko nibarindire ivyabahuza bazovuga nicobashiriweho ntawukubitwa ahagomba nimbabakunda uburundi nababurimwo ntibobasabira ibihano

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.