Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNARED ntizokwitaba ibiganiro vyatumweko i Arusha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED ntizokwitaba ibiganiro vyatumweko i Arusha

CNARED ntizokwitaba ibiganiro vyatumweko i Arusha

jeudi 16 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Itangazo ryasohowe n’urunani CNARED rivuga ko abo batavuga rumwe n’ubutegetsi bamaze kumenya ivyo biganiro vyatumweko bishobora kuba ari ivya nyuma, kuko bizoca bitahukanwa kubandaniriza mu Burundi. Muri CNARED bemeza ko batazokwitaba ivyo biganiro, aho akaba ari mu gihe bataranahabwa ubutumire, nk’uko vyemezwa na Pancrace CIMPAYE, umuvugizi wa CNARED.

JPEG - 308.2 ko
Pancrace CIMPAYE, umuvugizi wa CNARED

Kubwa CNARED, ivyo biganiro vyatumweko i Arusha ni ibije gusenyura burundu amasezerano y’i Arusha, kuko bibaye mu gihe na Reta y’Uburundi yaheruka gufata ingingo y’ugusubiramwo ibwirizwa shingiro.

Pancrace CIMPAYE umuvugizi wa CNARED asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Afrika y’ubuseruko, ko batoshigikira itunganwa mu vy’uburyo, ry’ivyo biganiro muri CNARED bavuga ko bikumira.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Mbe nka Pancras kuva aho yangariye adashika canke ngo ashikire ivyo yifuza, iyaba yaratashe akarima ibijumbu aba amaze kwimbura ibingana gute aho kwirirwa ariruka inyuma y’ivyo adashobora gufata?

  • Yokwitaba gute kandi nogutumirwa atatumiwe.
    Yihenze ntawitaba aho atatumiwe.
    Pole sana!

  • Ewe Pancrace sha, urambabaje. Aho gutaha i wanyu i Bubanza ukaza kurima , uriko urayenzera inyuma yúwo mu ny Bururi, ataco acera. Uyo azopfa kurya kwa Mukansi, apfuye ayenzera nka nyamyoma kuko ataco acera. Rekana na ba Minani Jean naho mwakoranye. i un escroc , none raba urwo apfuye kubera inda yiwe idahaga. Nta numwe kuri iyi si batakoranye , ariko kubera inda ndende ariko arayenzera. Mbe warabone uwanka kurya kuvyo adahawe? Mbega babatumiye? Haya, tosheka na haya we mbote

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.