Accueil > Amakuru > Poritike > CNDD-FDD ufise impungenge ku batumiwe mu biganiro baronderwa (...)
CNDD-FDD ufise impungenge ku batumiwe mu biganiro baronderwa n’ubutungane
mercredi 15 Ruhuhuma 2017
Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko uzokwitaba ibiganiro bitegekanijwe i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya ,kuva ku magenekerezo ya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Evariste NDAYISHIMIYE amenyesha ko azokwitaba ibiganiro, ariko ko afise impungenge ko hari abatumiwe mu biganiro kandi baronderwa n’ubutungane.
Evariste NDAYISHIMIYE avuga ko azoba agiye kandi gusaba ko abarundi bahunze botahuka kugira bafatanye n’abandi mu bikorwa vyo kwubaka igihugu.
Kubwa Evariste NDAYISHIMIYE umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD,kuja i Arusha kazoba n’akaryo ko gusaba ibihugu birimwo abakurikiranwa n’ubutungane kubarungika kugira bashikanwe imbere y’ubutungane.
IGIHE
Messages
15 Ruhuhuma 2017, 08:32, par Nzeyimana
NDAYISHIMIYE WEWE ukwo tuvyita kwidigadiga, mbe komwirirwa muratikiza inganda inganda ijoro numurango mufatanije nacagi porisi cataye umurongo, hamwe nazambonerakure mwirirwa murahenda ngo bazobaho aruko bishabantu! mbe komucidegevya mutarafatwa?, namwe muronderwa namakungu ngo muzokwishure ibibi mwakoreye abenuburundi. Ngusabe uzofate icirore wirabe mumaso yawe huzuyemwo amaraso yabantu umaze kugandagura, ariko rindira rwimisi yumwicanyi rwiraharuye.
15 Ruhuhuma 2017, 09:19, par Hafsa Mossi
Erega abambere murondegwa n’ubutungane ni mwebwe les DD,kandi si kera,fimbo chapa
15 Ruhuhuma 2017, 10:36, par abdoul
Mb ndayishimiy koyiha ivyazoshikiriza niw azoba arongoy ibiganiro?burakey tubih abagabo
15 Ruhuhuma 2017, 12:09, par Athanas
Ewe jewe!burya igihe mwagirana amasezerano na president buyoya ntabutungane bwabakurikirana?uwukize isemu yibagira icayimuteye!
15 Ruhuhuma 2017, 19:30, par .
Ndagushimiye nyakwubahwa munyamabanga mukuru WA DD , nayo izo mujeri zatanguye kwandika ivyiyumviro vyazo ngaha kwiyinkuru zireke zikomeze zibwezagire nizashaka zirazogumayo iyozagiye ariko ndaziko abarundi beshi bahunze biteguye gutaha.
16 Ruhuhuma 2017, 15:20, par Kana
Eeeeeh!Ubutungane?Hehe?Mu Burundi.Je Verrai!
20 Ruhuhuma 2017, 17:28, par muramvya
abarundi mur’intagondwa wa mugani wanyu,ubundi se kumvikana mugaturana mu mahoro bibatway’iki?iyo ndeby’umujinya mugira kdi mur’abayobozi mbona muzatwik’igihugu cyanyu mumeze nk’aba Somalie,muzemere ko Buyoya yar’imfura kuko yemeye kureka Nkurunziza n’ubwo yari yarakatiwe n’inkiko urwo gupfa