Accueil > Amakuru > Mu makungu > Canada : Abantu batatu bakomerekejwe n’ikintu caturikiye mu nzu (...)
Canada : Abantu batatu bakomerekejwe n’ikintu caturikiye mu nzu y’Uburiro
samedi 26 mai 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, yemejwe kandi n’abajejwe umutekano mu gisagara ca Toronto, amenyesha ko abo bantu baciye bajanwa mu bitaro.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko abo bantu binjiye mu buriro bwa Bombay Bhel imbere gatoyi yuko ico kintu giturika, baca barahunga bari mu muduga.
Umukuru w’igiporisi mu gisagara ca Toronto, yavuze ko bitaramenyekana neza nimba ico gitero mu karere ka Mississauga coba gifitanye isano n’iterabwoba canke ubugizi bwa nabi bufatiye ku rwanko.
MUGISHA Van Naris
Messages
26 mai 2018, 17:21, par Mama
Nanje nkumurundi ndahijeje imiryango yabuze nigihugu ca Canada ubwobugizibwanabi bwabereyemwo, kukobatwe ngaha Burundi ubugizibwanabi nkubwo buraherutse kuhabera.