Accueil > Amakuru > Mu makungu > Catalogne : Abashaka ukwikukira bahamagaje iyindi myiyerekano
Catalogne : Abashaka ukwikukira bahamagaje iyindi myiyerekano
samedi 11 novembre 2017
Bahamagariye abiyumvamwo demokarasi bose kwitabira iyo myiyerekano bakaba bafashe umusi wa gatandatu nk’umusi ukomeye cane.
Mu guserura akababaro bafise kubera abashikiranganji 8 n’abandi 2 bakomeye mu rugamba rwo guharanira ukwikukira kwa Catalogne bapfunzwe, bafashe umugambi wo gushira imbere imiryango y’abo bafunzwe .
Mu kubikora mu bumwe, bashimye kwambara imitamana isa n’umuhondo, ikimenyetso co guharanira ukwikukira.
Pacifique BUKURU