Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Championat yitiriwe Primus Ligue yatanguye nabi kuri Vital’o (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Championat yitiriwe Primus Ligue yatanguye nabi kuri Vital’o (...)

Championat yitiriwe Primus Ligue yatanguye nabi kuri Vital’o FC

lundi 19 Munyonyo 2012

Mu rukino rwambere muri iyi championat yitiriwe Primus Ligue , Vital’o FC yatsinze ibitsindo 2 kuri 1 ca Flambeau de l’Est yo Ruyigi.

Inyuma y’imvura itari nkeya, urukino rwatanguye isaha icenda n’iminota 15 kuri uyu wa gatandatu. Mu minota cumi ya mbere y’urukino imigwi ibiri Vil’o na Flambeau de l’Est yaranganya inguvu. Inyuma y’aho, umugwi Flambeau de l’Est waragerageje kurondera guca muryahumye abakinyi b’inyuma ba Vital’o ariko umunyegori yari yarikanue.
Ku munota ugira cuni n’indwi, Hussein Shabani yambaye inomero cumi n’imwe w’umugwi Flambeau de l’Est yaratsinze igitsindo ca mbere akoresheje umutwe ahawe umupira na Moussa Mossi yateye coup flanc. Ico gitsindo catumye Vital’o ita inguvu irihebura, iragerageza gutera imipira miremire ariko abakinyi b’inyuma ba Flambeau de l’Est bari bahagaze neza.
Ku munota ugira mirongo itatu, Abdul Razak Ndayiragije ntiyatevye kwinjiza igitsindo kigira kabiri c’umugwi Flambeau de l’est ahawe umupira na mugenzi we Fiston Nzomukunda. Ico gitsindo ca kabiri catumye abategetsi batari bake bo mu Ruyigi nka burumatari w’iyo ntara Cyriaque Nshimirimana, uwurongoye umugwi Flambeau de l’Est hamwe n’umushikiranganji Moise Bucumi avuka muri iyo ntara bagaragaza akamwemwe bafise. Igice ca mbere gica kirangirira ngaho ku busa bwa Vital’o na bibiri vya Flambeau de l’Est.

Mu gice ca kabiri abakinyi ba Vital’o baje bazikenyeye. Ku munota wa mirongo itanu n’umunani, Flambeau de l’Est yarahatswe kwinjiza igitsindo ca gatatu ariko Imana irakinga.
Icakuyeyo Vital’o ni ikosa ryakozwe n’umukinyi wa Flambeau de l’Est hanyuma Vital’o ica ironka Penalty ku munota wa mirongo umunani, umukinyi Tambwe Amisi arayitera ica irinjira gutyo urukino rurangira Vital’o ifise igitsindi kimwe Flambeau de l’Est n’ayo bibiri.


Iwacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.