Accueil > Amakuru > Poritike > Charles NDITIJE yagenye umuvugizi mushasha wa UPRONA arongoye
Charles NDITIJE yagenye umuvugizi mushasha wa UPRONA arongoye
vendredi 3 Ruhuhuma 2017, par
Umushingamateka Charles NDITIJE, arongoye umugambwe UPRONA, ishami ritemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yagenye umuvugizi mushasha w’uwo mugambwe.
Bonaventure GASUTWA yahora mu nama nshingamateka y’Uburundi niwe agiye kuvugira iryo shami rya UPRONA, akaba agiye mu kibanza cahoramwo Tasiyano SIBOMANA, yagirijwe amakosa akomeye, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’uwo mugambwe. Iryo tangazo ariko ryateweko umukono na Charles NDITIJE ntirivuga ayo makosa Tasiyano SIBOMANA yagirijwe.
- Bonaventure GASUTWA yahora mu nama nshingamateka y’Uburundi niwe agiye kuvugira ishami rya UPRONA rirongowe na Charles NDITIJE
Icegera c’umuvugizi w’uwo mugambwe nawe akaba ari Emmanuel NKENGURUTSE, yahora mu nama nkenguzamateka.
IGIHE
Messages
3 Ruhuhuma 2017, 13:48, par Gady
Mugiye Gupha Rubi Abo Mumugambwe Wabadacikana
3 Ruhuhuma 2017, 18:22, par Hutsi
Abo sabadasigana, ahubwo nibamwe bapigacane Rwagasore kugeza bafashanyije naba coroni bakanwica.
3 Ruhuhuma 2017, 20:41, par Nema
Abo Batama Nibo Bazingamitse Uwo Mugambwe Ndetse Nigihugu . Uwo Kwi Yumvira Gukwirikira Abo Yoba Agiye Gupfa Nabi !
3 Ruhuhuma 2017, 20:49, par Nema
Murashaje Nimuhebe Ntaciza Abarundi Biteze Murimwe Gende Korora Inkoko Ninkwavu .
3 Ruhuhuma 2017, 20:50, par Nema
Murashaje Nimuhebe Ntaciza Abarundi Biteze Murimwe Gende Korora Inkoko Ninkwavu .
3 Ruhuhuma 2017, 22:08, par Alain Nyabenda
Ico kibazo ca vice-president nico gituma muta reseau uwokibima ingira ubwenge bwoja kugihe. Ubu umwe wese araprofita mugukura mugenziwe. Birazwi ko Yves Sahinguvu, Tatien Sibomana na prof Evariste Ngayimpenda basotera 1e vice-Presidence pour satisfaire leurs interets. Amagorwa yogukonwa nokugaburirwa amavyi, imiserebanyi nayandi mahano umengo ntibibaraba