Accueil > Amakuru > Poritike > Charles Nditije agiye gusaba ko umuhuza yofashwa n’abahinga ba UA na (...)
Charles Nditije agiye gusaba ko umuhuza yofashwa n’abahinga ba UA na ONU
jeudi 2 Ntwarante 2017
Kuva kuwa kabiri igenekerezo rya 28 Ruhuhuma , umwaka wa 2017 urunani CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta ruramutswa umukuru mushasha Charles NDITIJE, mu migambi afise harimwo gusaba ko umuhuza Benjamin Mkapa yoronswa abamufasha mu gikorwa co guhuza abarundi.
Charles NDITRIJE arongoye urunani CNARED amenyesha ko mu bikorwa azokora harimwo gusaba ko muhuza Benjamin Mkapa ashigikirwa n’abahinga b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Charles NDITIJE amenyesha ko umuhuza Benjamin Mkapa , mu gutumira abitaba ibiganiro atigeze ashaka gukora ikintu cobabaza Reta y’Uburundi,kuko urunani CNARED rutera ubwoba Reta y’Uburundi.
Umukuru w’urunani CNARED avuga ko abahinga b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bofasha umuhuza Benjamin Mkapa gukora ataho ahengamiye.
Umukuru w’urunani CNARED afise ikiring c’amezi 9 arongoye urwo runani.
IGIHE
Messages
3 Ntwarante 2017, 13:20, par olivier
yemwe Imana itabare uburundi buronke amahoro, Cnared turayishyigikiye
5 Ntwarante 2017, 05:26, par Folmand
Haravuzwe za Tabara nizindi abo politik isoba bazishirako umutima none ubu bageze muri CNARD nayo izohera uko, kuko abarundi bashigikiye Leta niya shegenya ndadaye yababwira muri93 mukumva ntimutahure ndeke wewe umwe Olivier ushigikiye CNARD TABARA.
5 Ntwarante 2017, 20:00, par KARIKUNZIRA
NIBEMERE BAGANIRE
7 Ntwarante 2017, 16:23, par FELIX MUHIRE
Bariko baratarataza ngo bacungure akamanyu k’umutsima n’agapfunsi k’ibiharage bahawe na UE na ONU. Ewe wa si we!!!