Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chili : Papa Francois yemeye ko yigenjeje ukutarikwo ku kibazo c’umupatiri (...)
Chili : Papa Francois yemeye ko yigenjeje ukutarikwo ku kibazo c’umupatiri yakoze ubusambanyi
jeudi 12 avril 2018
Nk’uko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika ,mu rwandiko Papa Fransisiko yarungikiye abungere ba Ekereziya bo mu gihugu ca Chili, yamenyesheje ko ababajwe cane n’imyifato yagize kubijanye n’ico kibazo.
Ayo makuru nyene, abandanya avuga ko Papa agiye gutunganya inama mu ndwi zibiri ziri mbere kugira baganire kuri ico kibazo.
Uwo mukuru wa Ekreziya Katorika yaboneyeho akaryo ko gutumira abantu bakorewe ayo mabi ajanye n’ubusambanyi gushika i Roma mu gihugu c’Ubutariyano kugira abasabe ikigongwe amaso mu yandi.
Umwungere wa Ekreziya Katorika Papa Fransisiko ntiyigeze yemera ivyashikirijwe n’abantu bavuga ko basambanijwe n’umwepisikopi yitwa Juan Barros mu gihe yari mu rugendo mu gihugu ca Chili mu kwezi kwa Nzero uyu mwaka wa 2018.
BIKORIMANA Vianney
Messages
12 avril 2018, 20:00, par nicoyangereye j bosco
Ahubwo kugira ubusambanyi buhere nimubemere barongore guko umubiri urabagore
13 avril 2018, 23:06, par IRADUKUNDA Pierre
Uyo mupatiri yakoze ibidakorwa mw’ibanga yaragijwe n’umuremyi,je ndumva hokwisungwa amategeko ahasigay’agahanwa
19 avril 2018, 12:59, par Kanyange claire
Iyaba ukurongora guheza ubusambanyi ntitwoharitswe !!!!ningeso nahanwe ahubwo