IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Christiano Ronaldo yatahukanye umupira w’inzahabu ku ncuri ya (...)

Christiano Ronaldo yatahukanye umupira w’inzahabu ku ncuri ya gatanu

vendredi 8 décembre 2017

Ibirori vyo gushikiriza umupira w’inzahabu umukinyi Christiano Ronaldo vyabaye mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 7 Kigarama 2017, ku murwa mukuru w’Ubufaransa Paris.

Umupira w’inzahabu umukinyi Christiano Ronaldo yahawe watumye anganya na mukeba wiwe Lionel Messi akinira umurwi FC Barcelone, uko ari babiri bakaba bamaze imyaka 10 biharije uwo mupira.

Christiano Ronaldo yariko ahiganirwa umupira w’inzahabu uhabwa umukinyi yigenjeje neza mu mwaka, na Lionel Messi hamwe na Neymar Junior akinira umuri Paris Saint Germain wo mu Bufaransa.

Umukinyi Christiano Ronaldo yahawe ako gashimwe mu mwaka wa 2008,2013,2014, 2016 na 2017, mu gihe Lionel Messi yaronse ako gashimwe mu mwaka wa 2009,2010,2011,2012 na 2015.

Abakinyi 10 bahiganirwa umupira w’inzahabu mu mwaka wa 2017 ni : Christiano Ronaldo, Lionel Messi, Neymar Junior,Giorgi Buffon, Lucas Modric,Sergio Ramos, Kryan Mbappe,Ngoro Kante, Robert Lewandowski,na Henri Kane.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.