Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Christophe Nduwarugira agiye gukinira umurwi Clube de União da Madeira muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Christophe Nduwarugira agiye gukinira umurwi Clube de União da Madeira muri (...)

Christophe Nduwarugira agiye gukinira umurwi Clube de União da Madeira muri Portugal

jeudi 12 Nzero 2017

Umukinyi w’umurundi Christophe NDUWARUGIRA batazira Lucio yateye umukono ku masezerano yo gukinira umurwi wa Clube de União da Madeira,mu gihugu ca Portugal.

Christophe NDUWARUGIRA yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo murwi mu kiringo c’umwaka umwe n’igice.

Amakuru dukesha ibinyamakuru vy’inkino amenyesha ko Christophe NDUWARUGIRA yari amaze ikiringo c’ukwezi ageragezwa muri uyo murwi imbere yo gushira umukono ku masezerano.

Christophe NDUWARUGIRA batazira Lucio yahora akinira umurwi wa Chibuto mu gihugu ca Mozambique,yaraciye kandi mu murwi wa LLB Sport 4Africa wo mu cicaro ca mbere mu Burundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.