Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Cibitoke : Abiyunguruza n’imodoka basaba ko ikibazo c’igitoro gitorerwa (...)
Cibitoke : Abiyunguruza n’imodoka basaba ko ikibazo c’igitoro gitorerwa inyishu
jeudi 4 janvier 2018
Amakuru ava mu ntara ya Cibitoke, amenyesha ko haheze hafi indwi hari ubukene bw’igitoro ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke, bigatuma ku bituro haguma abantu benshi.
Ayo makuru amenyesha ko kuronka igitoro ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke bigoye, kuko naho kibonetse kiboneke kiri ku giciro c’amafaranga 6000 kw’iritiro kw’isoko ya magendu.
Ingaruka z’ikena ry’igitoro zamaze kwibonekeza aho mu ntara ya Cibitoke, kuko ibiciro vyo kwiyunguruza navyo vyaciye biduzwa amafaranga ari hagati ya 1000 na 500, ku bafata ingendo bava mu Cibitoke.
Abanyagihugu biyunguruza bakoresheje imiduga canke amapikipiki basaba ababijejwe gutorera inyishu ico kibazo, kuko ata gitoro n’ubundi buzima buca bugoyagoya.
MUGISHA Van Naris