IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke-Mugina:Umugabo yishwe n’abantu bataramenyekana

Cibitoke-Mugina:Umugabo yishwe n’abantu bataramenyekana

jeudi 22 Ruheshi 2017

Amakuru dukesha ababanyi b’uwo yitavye Imana, amenyesha ko Juma Habonimana yitavye Imana inyuma yo gukubitwa ikintu mu mutwe.

Mu gipolisi mu ntara ya Cibitoke, bamenyesha ko inyuma y’urupfu rwa Juma Habonimana hashobora kuba hinyegeje indyane z’amatongo,kuko yari asanzwe arindiriye ko urubanza rujanye n’itongo yatsinze muri sentare rushirwa mu ngiro.

Mu gipolisi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura, kugira bashobore kumenya abakoze ubwo bwicanyi.

Aho mu Cibitoke nyene, mw’ijoro ryo kw’Imana igenekerezo rya 18 Ruheshi 2017, uwundi muntu yakomerekejwe na gerenade yatewe mu bunywero muri komine Murwi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.