IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Umurovyi w’umurundi yahagaritswe n’abasirikare b’Urwanda

Cibitoke : Umurovyi w’umurundi yahagaritswe n’abasirikare b’Urwanda

mercredi 21 Ruheshi 2017

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko NDAYIKENGURUKIYE Jackson asanzwe akora akazi ko kuroba yafashwe nk’igihe c’isaha imwe n’igice mu gatondo, ku ruzi Ruhwa rugabura Urwanda n’Uburundi.

Pierre NKURIKIYE avuga ko imbere y’uko NDAYIKENGURUKIYE Jackson afatwa abasirikare b’Urwanda bagerageje kumuhagarika aari kumwe n’uwundi azwi kw’izina rya Bucumi, igihe bari baje gutegura imitego y’ifi mu ruzi Ruhwa.

Mw’itangazo umuvugizi w’igiporisi yasohoye inyuma y’ifatwa rya NDAYIKENGURUKIYE Jackson, yamenyesheje ko Bucumi yari kumwe na NDAYIKENGURUKIYE Jackson yashoboye guhungira ku ruhande rw’Uburundi, mu gihe NDAYIKENGURUKIYE Jackson nawe yahungiye mu ruzi, ari naho abasirikare b’Urwanda bamusavye kuvayo no kubakurikirira.

Muri iryo tangazo, umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko imbere y’uko NDAYIKENGURUKIYE Jackson afatwa ,abasirikare b’Urwanda barashe amasase atanu hejuru.

Imvo nyamukuru yatumye NDAYIKENGURUKIYE Jackson ahagarikwa ntiramenyekana.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.