Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Classico : Real Madrid ishobora gukina itagira umukinyi Christiano (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Classico : Real Madrid ishobora gukina itagira umukinyi Christiano (...)

Classico : Real Madrid ishobora gukina itagira umukinyi Christiano Ronaldo

vendredi 22 décembre 2017

Urwo rukino rwo ku munsi wa 17 w’ihiganwa gihugu ca Espagne ruzobera ku kibuga Santiago Benabeu mu gisagara ca Madrid, ruri mu rukurikirane rw’inkino zikurikiranwa n’abantu benshi kw’isi, kuko urukino rwa classico ruheruka rwerekanywe ku mboneshakure mu bihugu 185 vyo kw’isi.

Urukino rwo kur’uyu wa gatandatu rurindiriwe n’abakunzi benshi bo ku mpande zose, aho ni mu gihe kuva ihiganwa mu gihugu ca Espagne ritangura,umurwi Real Madrid wagumye utigenza neza, mu gihe mukeba wawo FC Barcelone utarigera utsindwa urukino na rumwe.

Gushika ubu naho ukuri kutaramenyekana neza, umurwi Real Madrid ushobora gukina urukino umukinyi wawo Christiano Ronaldo atarimwo, bivuye ko iminsi ibiri imbere yuko urukino ruba, uwo mu kinyi yimenyereje wenyene.

Ariko ku ruhande rwiwe,umumenyereza Zinedine Zidane wa Real Madrid avuga ko arivyo Christiano Ronaldo yababaye ku nyama ya kibizi mu rukino rwa nyuma ruhuza imirwi yabaye iya mbere ku migabane, ariko akizeza ko ategerezwa kuba ari mu rukino rwo kur’uyu wa gatandatu, uretse hari igihindutse ku munota wa nyuma.

Inyuma y’umunsi wa 16 w’ihiganwa, umurwi FC Barcelone uza mu kibanza ca mbere ku rutonde nfatakibanza n’amanota 42, ugasumvya umurwi Real Madrid amanota 11, kuko uza mu kibanza ca kane n’amanota 31.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.