Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Colombia : 6 bapfuye, 16 baburirwa irengero mw’isanganya ry’ubwato - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Colombia : 6 bapfuye, 16 baburirwa irengero mw’isanganya ry’ubwato

Colombia : 6 bapfuye, 16 baburirwa irengero mw’isanganya ry’ubwato

lundi 26 Ruheshi 2017

Abategetsi bavuga ko abantu 133 mu bari mu bwato bwa Almirate barokotse inyuma yo gutabarwa, hafi y’igisagara ca Guatape.

Umwe mu bari hafi y’ahabereye iryo sanganya yavuze ko ubwo bwato bwarimwo abantu 170 bwibiye mu mwanya muto cane udashikana n’iminota itanu, ariko ubundi bwato bukoreshwa mu kwinezereza bwari hafi bwashitse kare kugira bufashe gukura abantu mu mazi.

Umukuru w’igihugu ca Colombiya, Juan Manuel Santos, inyuma y’urugendo yagize ahabereye iryo sanganya, yavuze ko abantu batandatu aribo bapfuye, mu gihe abategetsi bo bari bavuze abantu icenda.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.