Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Congo : Abaporisi 40 baciwe imitwe n’abitwaje ibirwanisho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo : Abaporisi 40 baciwe imitwe n’abitwaje ibirwanisho

Congo : Abaporisi 40 baciwe imitwe n’abitwaje ibirwanisho

dimanche 26 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Abarwanyi bitwaje ibirwanisho bishe baciye amazosi abaporisi hafi 40 bafashwe mpiri mu ntara ya Kasai iri hagati mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Amakuru atangwa na BBC avuga ko abategetsi ba Congo bamaze kwemeza ko abarwanyi bo mu mutwe wa Kamwina Nsapu aribo bakoze ubwo bwicanyi bwabaye ku baporisi b’igihugu bakuwe mu miduga ibunguruza barimwo. Izo modoka zikaba zari hagati ya Tshikapa na Kananga

Abaporisi batandatu bavuga ururimi rwa Tshiluba ruvugwa muri ako karere barekuwe ariko abandi baricwa.

Umutekano muke muri Kasai watanguye mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’2016, kuva aho abajewe umutekano muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo biciye umukuru w’abarwanyi bo mu mutwe wa Kamwina Nsapu.

ONU ivuga ko guhera muri ukwo kwezi kwa Myandagaro, abantu 400 bamaze kwicwa mu karere ka Kasai, nayo abarenga ibihumbi 200 bakaba barateshejwe izabo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.