Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Congo igiye guhagarika inkino z’umupira w’amaguru, facebook, WhatsApp hamwe (...)
Congo igiye guhagarika inkino z’umupira w’amaguru, facebook, WhatsApp hamwe na Twitter
vendredi 16 Kigarama 2016, par
Abajejwe igisata c’itumatumanako muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bategetse ibigo bitanga internet guhagarika imbugahwaniro nka Twitter, Facebook na WatsApp kuva kuri uwu w’Imana.
BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko ata mpamvu yatanzwe y’ihagarikwa ry’iyo mihora, ariko amakuru avugwa cane akaba ari uko ari mu ntumbero yo kubuza abatavuga rumwe na Reta gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza umukuru w’igihugu Joseph Kabila.
Joseph Kabila ategekanya kuguma ku butegetsi ikiringo ciwe nicahera, mu ndwi iza kuwa 19 Kigarama 2016.
Reta ya Congo yahagaritse n’inkino z’umupira w’amaguru
Reta ya Kongo yafashe kandi ingingo y’uguhagarika inkino zose zari zitegekanijwe, gushika igihe kizomenyeshwa, aho akaba ari inyuma y’aho bibonekeye ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi baririmba indirimbo ziyamiriza Reta ya Kabila, mu gihe baba bari ku bibuga, mu nkino z’umupira w’amaguru.
IGIHE
Messages
18 Kigarama 2016, 20:10, par elie
niyaba,ashigikigwanabanyagihugu ntankeka,azotwarakuko,ubutegetsibutagwanabanyagihugu
19 Kigarama 2016, 08:06, par Nzokorerimana Gédéon
Hee,nivyo?Ko Bikomeye!Gusa Izo Mbuga Zirafasha Nibazirek
4 Nzero 2017, 12:51, par twagirayezu jackson
jeniyunvirayukobazobabahonvy nonenomurishane ntibazojayo?