Accueil > Amakuru > Mu makungu > Korea : Umuvukanyi w’umukuru w’igihugu yishwe
Korea : Umuvukanyi w’umukuru w’igihugu yishwe
mercredi 15 Ruhuhuma 2017
Umuvukanyi w’umukuru w’igihugu ca Koreya yo mu Buraruko Kim Jong Nam yishwe hakoreshejwe uburozi.
Amakuru ava mu begereye umuryango wa Kim Jong Nam, mukuru w’umukuru w’igihugu ca Koreya yo mu Buraruko, yemeza ko yishwe hakoreshejwe uburozi.
Ibinyamakuru vyo mu karere vyakwiragije amakuru yemeza Kim Jong Nam yishwe hakoreshejwe inshinge ziriko uburozi, canke zicucagiyeko ibintu vyica.
Amakuru ava mu gihugu ca Koreya y’Uburaruko amenyesha ko amatohoza yoba yamaze gutangura kugira bamenye icamwishe.
Kim Jong Nam yabaye mu buhungiro hanze ya Korea yo mu Buraruko kuva yirengagijwe ntaragwe ubutegetsi, bwahawe mutoya wiwe.
IGIHE